ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Kaze!
Iki ni igikoresho c'ubushakashatsi kirimwo ibitabu vyo mu ndimi zitandukanye vyasohowe n'Ivyabona vya Yehova.
Ushaka kuvoma ibitabu, nuje kuri jw.org.
  • Uno musi

Ku wa kabiri, 15 Mukakaro

Ragira intama zanje ntonto.—Yoh. 21:16.

Intumwa Petero yahanuye abakurambere bagenziwe ati: «Nimuragire ubusho bw’Imana.» (1 Pet. 5:​1-4) Nimba uri umukurambere turazi ko ukunda abavukanyi na bashiki bacu, be n’uko wipfuza kubaremesha. Ariko rimwe na rimwe woshobora kubona ko ufise vyinshi ukora, canke urushe cane ku buryo utorangura iryo banga. None wokora iki? Nubibwire Yehova mw’isengesho. Petero yanditse ati: «Uwukorera abandi, nabikore yishimikije inkomezi Imana itanga.» (1 Pet. 4:11) Hari aho abavukanyi bacu boba bariko barashikirwa n’ingorane zidashobora gutorerwa umuti muri iki gihe. Naho ari ukwo, niwibuke ko «wa mwungere mukuru» Yezu Kristu ashobora kubafasha kuruta uko wewe wobigira. Arashobora kubigira muri iki gihe, eka mbere no mw’isi nshasha. Ikintu gusa Imana isaba abakurambere, ni ugukunda abavukanyi babo, kubaremesha, no kubera «akarorero ubusho.» w23.09 29-30 ing. 13-14

Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi—2025

Ku wa gatatu, 16 Mukakaro

Yehova arazi yuko ivyiyumviro vy’inkerebutsi ata co bimaze.—1 Kor. 3:20.

Turakwiye kwirinda kwisunga ivyiyumviro vy’abantu. Kwisunga ivyiyumviro vy’abantu, birashobora gutuma twirengagiza Yehova n’amategeko yiwe. (1 Kor. 3:19) “Ubukerebutsi bw’iyi si” akenshi bukwegakwegera abantu mu vyipfuzo vy’umubiri. Hari abakirisu b’i Perugamo n’i Tiyatira bari basigaye babona ugusenga ibigirwamana hamwe n’ubusambanyi cokimwe n’abandi bose bo muri ivyo bisagara. Yezu yarakebuye bimwe bikomeye abo muri ayo mashengero abiri kubera barekerana ubusambanyi. (Ivyah. 2:​14, 20) Muri iki gihe, abantu baragerageza kutwosha ngo tubone ibintu nka bo. Incuti n’abagenzi boshobora kuturyosharyosha ngo duhemuke. Nk’akarorero, boshobora kuvuga ko kwisunga ivyipfuzo vyacu ata ngorane be n’uko amategeko yo muri Bibiliya agenga inyifato runtu yataye igihe. Vyoshobora gushika tukiyumvira yuko ivyo Yehova atubwira bidatomoye neza. Twoshobora no kwiyumvira “kurenga ku bintu vyanditswe.”—1 Kor. 4:6. w23.07 16 ing. 10-11

Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi—2025

Ku wa kane, 17 Mukakaro

Umugenzi nyakuri akundana igihe cose, kandi ni uwo muvukana yavukiye kuhaseruka mu gihe c’ivyago.—Imig. 17:17.

Mariya nyina wa Yezu yari akeneye inkomezi. Ntiyari yubatse, mugabo yari agiye kwibungenga. Ntiyari bwigere arera umwana wiwe, mugabo yari agiye kurera umwana yobaye Mesiya. Vyongeye, ko atari bwigere arangura amabanga y’abubatse, ubwo vyomworoheye gusigurira umufiyanse wiwe Yozefu ko yibungenze? (Luka 1:​26-33) Mariya yaronse gute inkomezi? Yarituye abandi ngo bamufashe. Nk’akarorero, yarasavye Gaburiyeli ngo amuhe amakuru yiyongereye ku bijanye n’iryo banga. (Luka 1:34) Inyuma y’aho gato, yarafashe urugendo aja kuraba incuti yiwe Elizabeti «mu karere k’imisozi» ka Yuda. Elizabeti yarakeje Mariya kandi Yehova yaramuhumekeye kuvuga ubuhanuzi buremesha ku bijanye n’umwana Mariya yari yibungenze. (Luka 1:​39-45) Mariya yavuze ko Yehova «yakoze ibintu bikomeye n’ukuboko [kwiwe].» (Luka 1:​46-51) Yehova yarakomeje Mariya biciye kuri Gaburiyeli na Elizabeti. w23.10 14-15 ing. 10-12

Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi—2025
Kaze!
Iki ni igikoresho c'ubushakashatsi kirimwo ibitabu vyo mu ndimi zitandukanye vyasohowe n'Ivyabona vya Yehova.
Ushaka kuvoma ibitabu, nuje kuri jw.org.
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika